Home Search Countries Albums

Warancunguye

MTC

Warancunguye Lyrics



Mwishayo ry'ivyaha erega niho yankuye
Mumwijima ukomeye
Niho Umuco wawe wandasiye

Ndibuka nzunguruka
Nshakisha umunezero aho woboneka
Ngerageza vyanka guhinduka
Munkomezi zanje ariko bidashoboka

Kugenda ntaja iyonja nama niboma  
Ntabesha ubuzima bwatera buhona
Ntwikiriwe mumaso imbere yanje ataho mbona
Kubw'icaha ca adamu urupfu rwashijwe kungoma

Ahagaragara
Nkora ivy'insoni atavyo kumaramara
Kumuvuduko mwinshi ataguhagarara
Maze numva ijwi ryiwe rimpamamagara (ooooh waouh)
Yarancunguye ooooh halleluyah
Kubw'ubuntu bwiwe siko nabiriye akuya
S'ivyavuye mubikorwa vyajewe haba namba sivyo nagerageje kurondera non oya oya

Ivyo bintera kwitwengera
Nibutse ko hari ikingera
Ca mpwemu w'ubugingo cancunguye ngo nsinganzw
N'incangera c'icaha n'urupfu oooh Christ

Mwami ur'umwizigirwa eeeh Papa eeeeeh eee
Ntabwo nzigera nibagirwa aho wankuye eeee
Ndibuka nari kucavu  
Unyicarikana n'abahambaye
Je nari murupfu
Urukundo rwawe niho rwampamagaye

Papa eeeeh warancunguye Papa eeeeh
Nukuri waranduhuye Papa eeeh
Papa eeeeh warancunguye Papa eeeeh
Nukuri waranduhuye Papa eeeh


Nari nishwe n'ivyaha ndi mumwijima
Ngeze muri kristo mpindurwa muzima

Muri we mfise ukugenda mfise ukubeshwaho
Niho mfise ubuzima bwa Rurema

Uwo mwami yankuye kucavu ( cavu, cavu, cavu)
Sinari muzima nari murupfu (rupfu, rupfu, rupfu)      
Aho wankuye, Harakomeye
Wankuye mw'ishayo  ry'ivyaha nkandamijwe
n'umurwanizi maze menya yuko yancunguye

(Ndibuka aho wankuye)
Kucavu niho nari mperereye
Murubavu rwawe niho mpwekereye
Ya ntebe y'ubuntu
Narayegereye maze ncika umuntu
Yahariwe atagira kahise
Ubuzima bwiwe nibwo mfise
(Merci Papa)

Ahera h'ahera
Niho nduhukira
Niho hanryohera
Kwama nibera
Nahawe uburenganzira
Bwo kuhinjira
Ntaciye kumuntu n'umwe ariko nishikira

Papa ntanumwe asa nawe
Ntahariho nko muri wewe
Nahashitse naniwe,ndemerewe,mburaniwe
Maze kuhashika ubu je nama nezerewe

Mwami ur'umwizigirwa eeeh Papa eeeeeh eee
Ntabwo nzigera nibagirwa aho wankuye eeee
Ndibuka nari kucavu  
Unyicarikana n'abahambaye
Je nari murupfu
Urukundo rwawe niho rwampamagaye

Papa eeeeh warancunguye Papa eeeeh
Nukuri waranduhuye Papa eeeh
Papa eeeeh warancunguye Papa eeeeh
Nukuri waranduhuye Papa eeeh

 

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2020


Album : Warancunguye


Added By : Afrika Lyrics

SEE ALSO

AUTHOR

MTC

Burundi

MTC - More Than Conquerors (Rom 8:37) is a Gospel music Band from Bujumbura in Burundi . The group i ...

YOU MAY ALSO LIKE