Home Search Countries Albums

URANZI

MTC

URANZI Lyrics


Uranzi Mwami mvyutse canke nryamye
Ubuntu bwawe nibwo buzigamye
Urankikuje impande nzose
Uteba kuraka ukihutira kugira neza

Ewe Mwami (ugira ubuntu bugaca bukira)
Urashoboye (ugira ubuntu bugaca bukira)
Ibihe vyose (ugira ubuntu bugaca bukira)
Oo ooo oooh (ugira ubuntu bugaca bukira)

Nzigamiwe mubuntu bwiwe
Ndarinzwe no kuba muriwe
Nkuk'uko imisozi ikikuje yerusalemu niko we akikuje abiwe

Muriwe ndakunzwe
Muriwe ndarinzwe
Ubuntu bunzigama ijoro n'umutaga ubwo bwaratanzwe

Nta cago namba cokwegera ihema ryanje
Oya ntaco nkanga kuko Mwami uri inkinzo yanje

Erega umenyera Kure ivyo niyumvira
Rukundo rudashira
Uko rugaragara rutuma ndakwegera
Nkaduza ukwizera ko binshobokera
Ivyo ino Si ivuga ko bidashoboka uyu musi kuko nzi yuko wamenye kuva kera

Muvyubi vy'amababa yawe nihondi
Ntacago kizokwegera ahondi
Kuko isinzi ry'abamalayika ariho riri
Uhoraho uri igihome canje
Uhoraho uri ubuhungiro bwanje
Uri n'umuco umurikira munzira zanje

Uranzi Mwami mvyutse canke nryamye
Ubuntu bwawe nibwo buzigamye
Urankikuje impande nzose
Uteba kuraka ukihutira kugira neza

Ewe Mwami (ugira ubuntu bugaca bukira)
Urashoboye (ugira ubuntu bugaca bukira)
Ibihe vyose (ugira ubuntu bugaca bukira)
Oo ooo oooh (ugira ubuntu bugaca bukira)

Erega ivyiyumviro vy'Uhoraho
Nivyiza Kuri je nico gituma ataco nkorako
Kuko mpishijwe muri we

Azi iyicara ryanje, Azi ivahasi ryanje anzigama iyo ntambuka (nivyo)
Ankikuje impande zose, aho nja hose andakiza abamalayika (Nziko)

Nd'uwiwe sinciganza
Amfise mukiganza
Yangize igitanganza
Ubuzima bwe mw'ino Si nkabugaragaza

Erega Imana mukundema yo yabanje kubanza kubisuzuma(oooh yes)
Ntawe yagishije inama ko Yari Izi ko imigambi yayo Izorama
Nta bwoba mfise bw'ejo kuko nzi yuko kazoza kanje ari keza cane kari mubugombe bwawe
Umutima wanje umeze nk'umugende w'amazi ukwegera aho ushatse uri mubiganza vyawe

Uranzi Mwami mvyutse canke nryamye
Ubuntu bwawe nibwo buzigamye
Urankikuje impande nzose
Uteba kuraka ukihutira kugira neza

Ewe Mwami (ugira ubuntu bugaca bukira)
Urashoboye (ugira ubuntu bugaca bukira)
Ibihe vyose (ugira ubuntu bugaca bukira)
Oo ooo oooh (ugira ubuntu bugaca bukira)

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2020


Album : Uranzi


Added By : Afrika Lyrics

SEE ALSO

AUTHOR

MTC

Burundi

MTC - More Than Conquerors (Rom 8:37) is a Gospel music Band from Bujumbura in Burundi . The group i ...

YOU MAY ALSO LIKE