Home Search Countries Albums

Ashoboye Vyose

MTC

Ashoboye Vyose Lyrics


Uhoraho niwe umutima wanje wirata
Niwe nizigira imigabo yiwe yamaho ibihe bidashira
Niwe avuga bikaba yategeka bikaguma
Niwe Rurema
We yankuye mumwijima
Ndi mukibanza kizima
Ku murwa w'Imana nzima
Ntaco nkehanirwa intambuko zanje zose yarazaguriye inzira
Ibirenge vyanje namba ntibizokwagirwa
Ntabwo ananirwa ashoboye vyose
Akwiye gusengwa ibihe vyose
Mukuboko kw'Uhoraho hari ibihimbaye
Munyonga ziwe niho hari umunezero wuzuye

Reka ndamutambire Uwampaye kunesha
Yagiye mukibanza canje maze anshira muciwe
Imigunza y'Intare iyo yoburanirwa
Ariko abizigiye izina rye ntaco bazokehanirwa

Ashoboye vyose vyose vyose eeeeh
Vyose ntabwo ananirwa
Atuzigama imisi yose yose yose eeeeeeh
Yose akwiye gusengwa

Reka reka je ndamutambire
Muririmbire ndamushire
Kandi nshireko ndamutazire uwo kuva agereye muri jewe n'impore
Ntutangazwe n'umunezero mfise
Nuko nzi yuko habaye remise et reprise
Yagiye mukibanza canje anshira muciwe
Acika icahe ncika ukugororoka kwiwe
Acika umworo ngo nakire ubutunzi bwiwe
Uyumusi je nahindutse umuraganwa nawe
Ashobora
Gukora ibirengeye ivyo nsaba n'ivyo niyumvira
Nk'uko ububasha bwiwe muri je bukora

Bikamutuma arushiriza kunshigikira kwiganyira vyo nkavyibagira kuko ariwe igitandara kinkurikira


Ndi mukibanza aho ntashobora gukehanirwa
Kuko Kristo ubwiwe yampindukiye umurwa niberamwo maze nkagukirwa
Ndi muri we jewe ndahagijwe ndatunganiwe

L'Eternel est mon berger je ne manquerai de rien
En lui je suis tres heureux
Je n'ai plus peur de rien
Sinzokehanirwa sinzoburanirwa
Niwe Rehoboth mbamwo nkagukirwa
Nkahezagira mbanje guhezagirwa
Uwitanze kumusalaba niwe ankoreramwo
Yangereyemwo
maze ancishirizamwo
Ngo isi imenye ubuzima bw'itsinzi nahisemwo umunezero wiwe nta mubabaro uwuvanzemwo
Iryo niryo sezerano nahawe
Ko ataco nzomuburana mubwami bwiwe (haba namba)
Kuko ibimpimbara n'ivyagezwe vyiwe vyera
Vyanshikanye ahiwe hera nanje ncika uwera
Dans mes péchés il me sanctifie
dans mes faiblesses il me fortifie
et tout mon être le glorifie car il est le seul qui me justifie
Le bonheur,la grâce m'accompagneront

Reka ndamutambire Uwampaye kunesha
Yagiye mukibanza canje maze anshira muciwe
Imigunza y'Intare iyo yoburanirwa
Ariko abizigiye izina rye ntaco bazokehanirwa

Ashoboye vyose vyose vyose eeeeh
Vyose ntabwo ananirwa
Atuzigama imisi yose yose yose eeeeeeh
Yose akwiye gusengwa

MTC

 

 

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2019


Album : Ashoboye Vyose (Album)


Added By : Afrika Lyrics

SEE ALSO

AUTHOR

MTC

Burundi

MTC - More Than Conquerors (Rom 8:37) is a Gospel music Band from Bujumbura in Burundi . The group i ...

YOU MAY ALSO LIKE