Home Search Countries Albums

Narahezagiwe

MTC

Narahezagiwe Lyrics


Ephesians 1:3
"Blessed be the God and Father of our Lord Jesus Christ, who has blessed us with every spiritual blessing in the heavenly places in Christ,"

Ukugira neza kwayo niko ngendana
Nd'ukugaragazwa kw'iciyumviro c'Imana
Narahezagiwe imihezagiro
Yose yo mw'Ijuru (yo mw'ijuru)

Yose yo mw'ijuru (mw'ijuru)
Sind'uwo hasi nd'uwo hejuru(hejuru)
Yose yo mw'ijuru (mw'ijuru)
Sind'uwo hasi nd'uwo hejuru(hejuru)
Kubw'ubuntu bwiwe

Muri we nd'uwushoboye
Igikombe canje kirasesekaye
Ukugira umugisha s'ivyo ndondera nd'uwahezagiwe
Kandi ntacoshobora kubihindura
Nivyo ndagabiwe

Nd'igiti catewe n'Uhoraho
Ngo ndamutere icubahiro
Yanyujuje imihezagiro
Je nd'ugushitswa kw'iciwe c'iyumviro


In christ i'm a blessings causer
Muri we ngendana ukwiwe kugiraneza
We ntatetereza
Uwumwiyegereza
Amuha ubwiza n'amahoro akabinengesereza
Je mva mubwoko butavumika
Narahezagiwe ninjira nsohoka
Ntera imigisha ico nkorako kirahezagiwe
nagabiwe ubuntu bwo gukora ibidashoboka

Singicura intimba
Je ndaririmba
Natoranijwe nk'ihanga ritagira agasembwa
Nkomoka iyo mw'ijuru
S'ind'uwo hasi je nd'uwo hejuru
Naje hano kw'isi ndayitere umugisha
kuva je mpindutse icaremwe gisha
Nahezagiwe imihezagiro yose yo mw'ijuru
ngo ahagadutse hose mb'uwuhatembesha ubuzima

Ukugira neza kwayo niko ngendana
Nd'ukugaragazwa kw'iciyumviro c'Imana
Narahezagiwe imihezagiro yose yo mw'Ijuru(yo mw'ijuru)

Yose yo mw'ijuru (mw'ijuru)
Sind'uwo hasi nd'uwo hejuru(hejuru)
Yose yo mw'ijuru (mw'ijuru)
Sind'uwo hasi nd'uwo hejuru(hejuru)
Kubw'ubuntu bwiwe

Ntarabumbwa munda ya mama we yaranzi
Muri iyi Si yangize umuhizi w'inkomezi
Kubw'umwagazi umwe yatangwa nk'ikimazi
Rimwe rizima maze anshikiriza imbabazi
Navyawe n'impwemu n'amazi
Nashiriweho kugira ubushobozi
Ivyo mw'isezerano rya kera vyari inzozi
Ubu ndabibamwo kumusi kumusi
Narahezagiwe
Kubw'ubuntu bwiwe
Nararobanuwe
Ngo ngendere mubikorwa vyiza yanteguriye

Nd'ukugaragazwa kw'iciyumviro ciwe
Hano mw'isi ngo nimike ubwami bwiwe
Nd'umwuzukuruza wa Aburahamu
nahezagiwe impande zose muri kristo ndagukiwe

Niko biri ntibihinduka ntibishoboka
Twarahezagiwe kandi ivyo ntibihinduka
Niko biri ntibihinduka ntibishoboka
Twarahezagiwe kandi ivyo ntibihinduka

We are blessed more than blessed
We are more than blessed (blessed)
We are blessed more than blessed
We are more than blessed (blessed)

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2019


Album : Narahezagiwe


Added By : Afrika Lyrics

SEE ALSO

AUTHOR

MTC

Burundi

MTC - More Than Conquerors (Rom 8:37) is a Gospel music Band from Bujumbura in Burundi . The group i ...

YOU MAY ALSO LIKE