Mw'ijuru Imbere Y'Imana Lyrics

Mw ijur' imbere y’ Imana
Mfis' Umunt' amvugira
N' Umuherezi Mukuru
Kandi yitwa Rukundo
Nzi ko mu mutima wiwe
Handitsw' izina ryanje
Kukw amvugira nta mwansi
Yobasha kumunnyaga
Iyo Satan' anyeretse
Ivyaha vyanje vyinshi
Agomba ko nihebura
Ndangamiza mw ijuru
Ndabay‘Umukiza wanje
Yankuyekw ivyo vyaha
Yarantsindanishirije
Ngo simbe ngipfa rubi
Uhorah' Umucamanza
Ambonyekw‘amaraso
Ntancir' urubanza rubi
Anyit' ugororotse
Yaranyiguze nd' uwiwe
Ni we bugingo bganje
Kukw adapfa singipfuye
Twe na Yesu tur' umwe
Twe na Yesu tur' umwe
Yaranyiguze nd' uwiwe
Ni we bugingo bganje
Kukw adapfa singipfuye
Twe na Yesu tur' umwe
Twe na Yesu tur' umwe
WATCH VIDEO
ABOUT THIS SONG
Release Year : 2021
Album : Kirundi Cantiques Vol.1 (Album)
Added By : Farida
SEE ALSO
AUTHOR
FABRICE NZEYIMANA
Burundi
Fabrice Nzeyimana, is a worshiper by calling, musician, singer,and recording artist from Burundi, an ...
YOU MAY ALSO LIKE