Mwami W' Ibihe Lyrics

Ibihe uko bibisanya
Niko binyereka
Ko Hari Imana
Ubwoba n’agahinda kenshi
Vyuzuye mu maso y’abo mw’iyi si
Inkuru nziza y’agakiza
Ni uko hari Umwami
Inyuma y’ibihe
Mutima wanje ni utekane
Ntuterwe ubwoba n’imiyaga
Mu muriro nuvuze inanga
Mu mazi menshi ni uririmbe
Ivyizigiro n’amahoro
Nabisanze iwawe
Ni ushimwe Yesu
Wakijije ubuzima bwanje
Yaba ubw’uyu musi n’uburi imbere
Ntaco mfise notinya
Kuko kukugira Yesu
Ntacobiruta
Mutima wanje ni utekane
Ntuterwe ubwoba n’imiyaga
Mu muriro nuvuze inanga
Mu mazi menshi ni uririmbe
Buhungiro n’agakiza
Gihome kinkingira
Niwewe Nizigira
Uri Yahweh uri Yahweh
Rutare nihishamwo
Mahoro muntambara
Muco mu mwijima
Uri Yahweh uri Yahweh
Buhungiro n’agakiza
Gihome kinkingira
Niwewe Nizigira
Uri Yahweh uri Yahweh
Rutare nihishamwo
Mahoro muntambara
Muco mu mwijima
Uri Yahweh uri Yahweh
Mutima wanje nutekane
Ntuterwe ubwoba n’imiyaga
Mu muriro nuvuze inanga
Mu mazi menshi ni uririmbe
WATCH VIDEO
ABOUT THIS SONG
Release Year : 2020
Album : Mwami W' Ibihe (Single)
Added By : Farida
SEE ALSO
AUTHOR
FABRICE NZEYIMANA
Burundi
Fabrice Nzeyimana, is a worshiper by calling, musician, singer,and recording artist from Burundi, an ...
YOU MAY ALSO LIKE