Home Search Countries Albums

Mbega Urukundo

FABRICE NZEYIMANA Feat. MAYA NZEYIMANA

Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rworuha ruseranguruka?
Rusumb’ukwezi rusumb’izuba
Kand’ikuzimu rushikayo
Rwatumye Yes’aza mw’isi yacu
Ngw’iduh’ahturuhure
Mbere na wa mwana w’icangazi
Rwatunye S’amwakira
Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rwogereranywa n’iki?
Mw’ijuru no mw’isi ntibasiba
Kwama baruririmba

Nah’ibiyaga vyocika wino
Ijuru rikab’impapuro
Ivyatsi vyose bakabigira
Amakaramu y’abanditsi
Ab’isi bose bakandikako
Ivy’urukundo rwayo
Ntibobigeza, ntivyokwirwako
Wino niyo yoshira
Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rwogereranywa n’iki?
Mw’ijuru no mw’isi ntibasiba
Kwama baruririmba

Kand’ukw’ikunda wa Mwana wayo
Ni kw’inkunda, ntabibereye
Nar’umwansi w’umugarariji
Maz’impa Yesu ngw’ambambirwe
Mu bo yakirishij’amaraso
Nzi yuko nanje ndimwo
Nzohora ndirim b’urwo rukundo
Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rwogereranywa n’iki?
Mw’ijuru no mw’isi ntibasiba
Kwama baruririmba
Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rwogereranywa n’iki?
Mw’ijuru no mw’isi ntibasiba
Kwama baruririmba

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Added By : Farida


Release Year : 2021


Album : Kirundi Cantiques Vol.1 (Album)


Genre :

SEE ALSO

AUTHOR

FABRICE NZEYIMANA

Burundi

Fabrice Nzeyimana, is a worshiper by calling, musician, singer,and recording artist from Burundi, an ...

YOU MAY ALSO LIKE