Mafaranga Lyrics

Mvyuka mugatondo
Burimunsi nja kurondera wewe
Muri runo rugendo
Erega uwuri kwi vora ni wewe, ni wewe
Hano kwisi uwutagufise ntajambo afise ntaco abafise
Imyaka myinshi naratigise narahangayitse none singufise
Kuki abandi ubakunda nanje ukanyibagira
Nanje ndagukunda ncuti yanje mahera
Chérie wanje yambariye ngo ntakuronse, azompeba
Ngo nivyinshi namwemereye hubwubukene sindabikora
Ehe kakazu mpanze ukukwezi ntagutanze
Nyene inzu azonta hanze ibibazo ni vyinshi bimpanze
Ndagushaka uri mwinshi mfise imigambi myinshi
Ndakurondera kenshi none kuki
Kuki unkwepa wewe
Kuki unkwepa yewe mafaranga
Erega nanje ndagukeneye (yewe mafaranga)
Nyibuka nanje ndashomereye (yewe mafaranga)
Ese kubura ico wiha nico umugenzi
Nukuri birabiha mbega woba ubizi
Je nzonkurindira gushika ryari
Ngwino unkure mubushomeri
Oya heba nanje unyibuke ndarusho
Nkora ibirenze nkaronka duke
Ndarushe iyeeeh eeeh
Harabo nakoreye imyaka barakumperanira
Batako barananyirukana akaruta akandi harakamira
Iyo uhaba ntiwari kuvyemera
Iyo uhaba ntibari kunsuzugura
Amadeni kwi botike nayo aruzuye
Nashatse kuduga ndabura itike je ndatuntuye
Ehe kakazu mpanze ukukwezi ntagutanze
Nyene inzu azonta hanze ibibazo ni vyinshi bimpanze
Ndagushaka uri mwinshi mfise imigambi myinshi
Ndakurondera kenshi none kuki
Kuki unkwepa wewe
Kuki unkwepa yewe mafaranga
Erega nanje ndagukeneye (yewe mafaranga)
Nyibuka nanje ndashomereye (yewe mafaranga)
WATCH VIDEO
ABOUT THIS SONG
Release Year : 2022
Album : Mafaranga (Single)
Added By : Farida
SEE ALSO
AUTHOR
DOUBLE JAY
Burundi
DOUBLE JAY (once again) is a musician from Burundi. He is Signed under Bantu Bwoy Entertaintme ...
YOU MAY ALSO LIKE