Amahoro Ya Jambo Lyrics

Yezu yazutse sasagaga urukundo
Amahoro n'ubutungane bihane ikaze.
Bari bazi ko bikuye umwansi none nguyo ni muzima
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo
Yaje kubera urukundo ngo aracunguye isi yose
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo.
Niwe aduhembura kandi azanye akanyamuneza
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo
Aduha amahoro n'ikigongwe nk'ingabirano yiwe
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo.
Araje, niyisange adusangize ijambo ryiwe
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo
Tega amatwi iry'agira avumere ajazanye amahoro
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo.
Arashimangira inkingi z'amahoro iwacu
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo
Turungikire mutima wawe amurikire abawe
Kengurukira Imana ku rukundo rwayo.
Yezu yazutse sasagaga urukundo
Amahoro n'ubutungane bihane ikaze
Amahoro n'ubutungane bihane ikaze
Amahoro n'ubutungane bihane ikaze.
WATCH VIDEO
ABOUT THIS SONG
Release Year : 2020
Album : Amahoro Ya Jambo (Single)
Added By : Lacsap
SEE ALSO
AUTHOR
PAZZOS BI
Burundi
PAZZOS BI, whose real name is Pascal BIMENYIMANA, is a singer, songwriter and music producer born Ap ...
YOU MAY ALSO LIKE