Home Search Countries Albums

Babone Wewe

EDEN BANGA Feat. MTC

Babone Wewe Lyrics


Inyuma y"Ibitangaza
Uzokoresha aya maboko Yanjye
Nshaka ko hazosigara
Haravugwa izina ryawe Mana
Ukwo amazi  abungereye
Mu kiyaga
Nikwo n"Isi izokwuzura 
Kukumenya Yesu

Guhishurirwa amajambo yawe
Kuzana Umuco
Guha abatungu ubwenge bwo kugenda nk"abana b"Umuco
Wanezeresheje akawe Kaneza
Mu nyonga hawe umpindura icitegererezo 
Ivyawe bikorwa umpa no kubiganza
Unyambika ubwiza n"icibahiro nk"igitsibo
Mwami  Babone wewe, Babone wewe
Wanshize aharuta ahandi kugira ubwiza 
Mwami Babone wewe, Babone wewe
Mu ntege Nke zanje Unyuzuza Gukomeza

Amahanga yosee
Azohishurirwa izina ryawe
Biciye muri jewe bazobona
Ubwiza bwawe
Babone wewe
Babone wewe

The glory of God will cover
All the Nations
(Impande zine z"isi zibone Agakiza k"Imana)
Icavyawe n"Imana ni ngombwa kineshe
(Kigaragaze ubwiza bwayo no gukayangana)
Mu gitondo no ku mugoroba
Muri ino si yampinduye
Nk"indogoba Agenderako kugira ngo Ashikire benshi bashoboka 
Agaragaze icubahiro ciwe muri ino si aciye muri je
Reka babone babone wewe Ndapa (Rap) canke ndirimba
Bakubone Mwami Muvyo  nkora no muvyo mvuga
Babone ishusho y"Ukuri y"Imana Itaboneka 
Aho ngendera hose
Data abe ariwe Useruka

Ko wangize Samuragwa 
Wawe , Ngwino wironkere
Izina rya Rurangiranwa
Biciye Muri je
Ngenda, nkora babona wewe
Kuko nd"igitwazi
C"Ubwiza bwawe
Hano mur"iyi si

Amahanga yosee
Azohishurirwa izina ryawe
Biciye muri jewe bazobona
Ubwiza bwawe
Babone wewe
Babone wewe

Ivyari inyungu Vyahindutse 
Ubuhombe kubwo kumenya Christo
Ego
Gupfa n"Inyungu Kubaho ni Kristo
Mur"Ubu bugingo
Ego
Abe ariwe yama agenda agaragara 
Yerekane ibikorwa  agenda Akora
Abonekere muri jewe
Ivyanje biveho maze hagaragare  Ivyiwe
Amahanga abone ukwera kwiwe 
Biciye muri jewe babone 
Ubwami bwiwe
Babone Ubwiza bwiwe
Babone Ubuntu bwiwe
Babone n"Itunga ry"Ukugira neza kwiwe

Bagume Babona wewe Babona wewe Babona wewe
Tuvuge Bumva wewe Bumva wewe Bumva wewe
Dukore Havugwe wewe Havugwe wewe Havugwe wewe

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2021


Album : Babone Wewe (Single)


Added By : Farida

SEE ALSO

AUTHOR

EDEN BANGA

Burundi

Eden Banga is a musician from Burundi. ...

YOU MAY ALSO LIKE