Home Search Countries Albums

Hangama

BIG FIZZO

Hangama Lyrics


Wewe wabonye uruzogi rwatawe na sokuruza
Ndabizi warabonye gushenger kwa mutaga senyamwiza
Ntaho wigeze uhindura izina
Wagumye uri Burundi
Uwakugendereye ntiyigeze akuguza
Inyama y’ikindi
Wakuye rumariza iwabo kubo yashaka kugufata mpiri
Bibuze akakwitirirwa
Ingabo z’umwami zira mwanikira
Kuko uburundi butazi kuvogerwa
Agahinda kari kunyiga
Iyo tuguma turyamira umunani
Imbere y’abana bacu
Imana ishimwe k’umusi umwe
Twadugije ibendera yoo

Turirimba burundi bwacu hangama Burundi
Hangama warapfunywe ntiwapfuye
Hangama Burundi bwa nyaburunga
Hangama kira simba imanga
Hangama yeeh eeh , eeh eh ego
Ewe Burundi
Hangama Burundi weeh eh eh, eeh eh ego
Ewe Burundi hangama

Niyubahwe uwadushikije ku ntahe yo kwikukira
Niharambe ba batama bo mu buyenzi babinufashije
Naho kenshi tubibagira
Ndashimira patri harengayabo
K’ururimbo rurimwo umutima
Munini yoooh ooooh
Kuruta igisabo
Ir’jwi rishikire kukntwari z’ingabo
Zasheta ubuzima mugikingira imbibe zubwatuvyaye ego
Mwambutsa yokuza yobagabira
Bibuze akababatiza ngo muri abuzukuru ba ntare
Ukwikukira kwiza kubu
Nuko tworeka kurabana amazuru
Tugakundana tutinubana tukabiraga n’abuzukuru

Hangama warapfunywe ntiwapfuye
Hangama Burundi bwa nyaburunga
Hangama kira simba imanga
Hangama yeeh eeh , eeh eh ego
Ewe Burundi
Hangama Burundi weeh eh eh, eeh eh ego
Ewe Burundi hangama

Enjoy Synced Lyrics With Our Mobile App

Download on Google PlayGet it on App Store

WATCH VIDEO

ABOUT THIS SONG


Release Year : 2022


Album : Hangama (Single)


Added By : Farida

SEE ALSO

AUTHOR

BIG FIZZO

Burundi

Mugani Desire, best known as Big Fizzo, is performer and song witer from Bujumbura, Burundi.He Start ...

YOU MAY ALSO LIKE